Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Radiyo BBC yugawe mu Burundi

Urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi rwafashe ingingo y’ukwugara burundu iradiyo y’abongereza BBC mu Burundi.

CNC (Conseil National de la Communication) yafashe kandi ko ata mumenyeshakuru yaba uw’Uburundi canke umunyamahanga akorera ku butaka bw’Uburundi arekuriwe gutanga amakuru acishwa ku nsamirizi BBC.

Nestor Bankumukunzi arongoye urwego CNC avuga ko iyo ngingo yafashwe kubera ireresi yasohowe n’iyo radiyo ivuga ko muri zone ya Kinindo hari inzu abajejwe umutekano n’igendereza bakoreramwo mu kuboreza igufa hamwe no kwica abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi.

CNC ivuga ko iyo reresi ari irementanya hamwe n’ikinyoma kigamije gucapfuza isanamu y’Uburundi n’abatwara Uburundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS