Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Reta y’Uburundi igiye gushiraho ikigo kijejwe kwigisha ubuhinga abakozi b’iperereza

Reta y’Uburundi igiye gushiraho ikigo kijejwe kwigisha ubuhinga bw’iperereza abakozi bakuru (Cadres) hamwe n’abakozi basanzwe (Agents) b’iperereza ry’Uburundi.

Mu nama nshikiranganji yabaye ku munsi wa gatatu, abagize Reta y’Uburundi barigiye hamwe integuro y’itegeko rivuga ibikorwa vy’urwego rw’iperereza, iyo nteguro ikaba yashikirijwe na Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi. Muri iyo nama nshikiranganji, nk’uko biri mu cegeranyo cayo, Reta y’Uburundi yamenyesheje ko bikenewe ko amategeko agenga urwego rw’iperereza asubirwamwo neza, kugira urwo rwego rufashe Reta guhangana n’icohungabanya umutekano hamwe n’ubutunzi bw’Uburundi.

Reta y’Uburundi ivuga ko ari muri iyo ntumbero hagiye gushirwaho ikigo kijejwe kwigisha ubuhinga bw’iperereza abakozi bakuru (Cadres) hamwe n’abakozi basanzwe (Agents) b’iperereza ry’Uburundi.

Reta y’Uburundi imenyesha kandi ko mu gihe abakozi b’iperereza bokwigishwa ubwo buhinga bw’iperereza vyotuma abavuga nabi urwo rwego n’abarucapfuza bagabanuka.

Umushikiranganji w’umutekano ari nawe yashikirije iyo nteguro yibukije ko abakozi b’iperereza bakorera mu buryo bugoye, kandi bakaba bashobora kugira ingorane kubera akazi kabo. Yasavye ko bokingirwa bidasanzwe, yaba abo bakozi ubwabo, amatunga yabo, hamwe n’imiryango yabo.

Inama nshikiranganji yaremeje iyo nteguro y’itegeko.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS