Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Reta y’Uburundi iriko iriga itegeko riraba ivy’uguhanahana amafaranga biciye mu buhinga bwa none

Abagize Reta y’Uburundi bakoraniye mu nama nshikiranganji y’iminsi ibiri yatanguye kuri uwu wa gatatu irongowe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Nk’uko biri ku rutonde rw’ivyigirwa muri iyo nama nshikiranganji, Reta y’Uburundi irarabira hamwe ibijanye n’integuro y’itegeko nshikiranganji yerekana ibisabwa kugira amashirahamwe ategamiye Reta yemererwe gukorera mu Burundi canke ahagarikwe, integuro y’itegeko nshikiranganji rihindura itegeko nshikiranganji ryerekana ibikenewe kugira umukozi w’ishirahamwe mvamakungu ritegamiye Reta yemererwe gukorera mu Burundi canke ahagarikwe gukorera mu Burundi.

Reta y’Uburundi irarabira hamwe kandi poritike y’ukwegereza ubutegetsi abanyagihugu, ivyigwa bijanye n’umugambi w’ugushiraho ibanki y’urwaruka mu Burundi, hamwe integuro y’itegeko riraba ivy’uguhanahana amafaranga biciye mu buhinga bwa none mu Burundi.

Ivyavuye muri iyo nama nshikiranganji tukaba tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS