Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Reta y’Uburundi ntiyemera icegeranyo catanzwe na Benjamin MKAPA

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko Reta y’Uburundi itemera icegeranyo catanzwe n’umufasha w’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin William MKAPA.

Umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi yatanze icegeranyo mu nama yahuje abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko kuri uwu wa gatanu, muri ico cegeranyo akaba muvyo yasavye harimwo ko hojaho Reta y’imfatakibanza, n’amatora y’ibwirizwa shingiro yabaye igenekerezo rya 17 Rusama 2018 agasubirwamwo.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO amenyesha ko Reta y’Uburundi itemera ico cegeranyo kubera itaserukiwe muri ivyo biganiro. Gaston SINDIMWO yari yaserukiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA muri iyo nama agira ati : “Iyo rapport ntayo tuzi, ibwirizwa shingiro ryarahejeje gutorwa kandi ritorwa n’abarundi. No mu bihugu vyabo amabwirizwa shingiro yaratowe kandi ntibigeze babanza kubaza Uburundi.”

Ku bijanye n’ishirwaho rya Reta y’imfatakibanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yashikirije aho Reta y’Uburundi ihagaze : “Twarabonye muri kahise ingene Reta y’imfatakibanza izana ingorane kandi igasubiza inyuma demokarasi, twarababwiye ko Reta y’imfatakibanza tudashobora kuyemera.”

Abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, mu nama yabo igira iya 20 yabaye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya mbere Ruhuhuma 2019, barahawe icegeranyo c’umufasha w’umuhuza mu matati y’Abarundi, Benjamin William MKAPA yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya.

Abo bakuru b’ibihugu barashimiye Benjamin William MKAPA ku gikorwa arangura c’uguhuza abatavuga rumwe mu Burundi, mu biganiro bibera hanze y’Uburundi. Muri iyo nama yariko ibera mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe, abo bakuru b’ibihugu bafashe ingingo ko imibonano igiye kubandanya, kugira ivyo biganiro bihuza Abarundi biyobowe n’akarere ka Afrika y’ubuseruko bibandanye. Iryo tangazo ntiritomora ariko ryari ivyo biganiro bizobandanya hamwe n’ingene bigiye kubandanya.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS