Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Reta y’Uburundi yadugije amafaranga atangwa y’ugushingurana iteka umukozi wa Reta yitavye Imana

Reta y’Uburundi yafashe ingingo y’ukuduza amafaranga yahora atangwa ku muryango wabuze, y’ugushurana iteka umukozi wa Reta yitavye Imana. Ayo mafaranga yahora ku bihumbi 124.500 vy’amarundi yadugijwe gushika ku bihumbi amajana umunani y’amarundi.

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uwu wa gatatu yarize yongera iremeza integuro y’itegeko nshikiranganji rivuga amafaranga atangwa na Reta y’Uburundi ku mukozi wa Reta yitavye Imana.

Abagize inama nshikiranganji babanje kurabira hamwe itegeko ryahahora kuva mu mwaka w’1999 rivuga ko umuryango w’umukozi wa Reta yitavye Imana uhabwa amafaranga 124.500 y’amarundi kugira ushingurane iteka uwitavye Imana. Abagize Reta y’Uburundi basanze bagereranije amafaranga akoreshwa mu gushingura umuntu, baravye aho batangisha make kuruta ahandi, umuryango w’umukozi wa Reta utanga ayarenga incuro zibiri kuyo Reta y’Uburundi iba yahaye ababuze.

Inyuma y’ibiharuro vyakozwe muri iyo nama nshikiranganji, Reta y’Uburundi yasanze ayo mafaranga yoduzwa agashikanwa ku 536.000 vy’amarundi, naho nyene muri Reta y’Uburundi basanga ayo mafaranga aguma ari make bagereranije n’ibiciro kw’isoko.

Ingingo yafashwe ni iy’uko umuryango w’umukozi wa Reta y’Uburundi yitavye Imana uzohora uhabwa amafaranga ibihumbi amajana umunani vy’amarundi, kugira ushobore kumushingurana iteka uwitavye Imana yahora akorera Reta y’Uburundi.

Inama nshikiranganji y’Uburundi yaraneguye kandi ubuzima abakukurutse babayemwo, hamwe n’abandi bantu bakoreye Reta, hakaba hashizweho umurwi w’abashikiranganji bagiye kwiyumvira ivyokorwa kugira abakukurutse hamwe n’abandi bakoreye Reta bitabweho, cane cane mu bijanye n’ukwivuza. Uwo murwi w’abashikiranganji wahawe ikiringo c’ukwezi kumwe kugira uzobe washikirije inama nshikiranganji ico washitseko ubona cokorwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS