Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Reta y’Uburundi yahagaritse igurishwa ry’ibikoresho vya Handicap International

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwafashe ingingo y’ukubuza ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abagendana ubumuga (Handicap International) kugurisha icamuranara ibikoresho iryo shirahamwe ryahora rikoresha mu Burundi, inyuma yaho iryo shirahamwe rihagarikiye ibikorwa vyaryo mu Burundi.

Kw’igenekerezo rya 18 Nzero 2019, ishirahamwe Handicap International ryasohoye itangazo, rimenyesha ko ririko riragurisha icamunara ibikoresho ryahora rikoresha. Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bavuga ko iryo tangazo rihonyanga amategeko kuko mu masezerano Handicap International yagiranye na Reta y’Uburundi handitse ko iryo shirahamwe rihagaritse gukorera mu Burundi rizoca rishikiriza ibikoresho vyaryo ishirahamwe rimwe rikorera mu Burundi, kandi risanzwe rikorana na Handicap International, bitabaye uko naho Reta y’Uburundi akaba ariyo yitorera ishirahamwe iha ivyo bikoresho.

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, mw’itangazo basohoye kuri uwu wa gatanu, bavuga ko arico gituma bahagaritse igurishwa icamunara ry’ibikoresho vya Handicap International.

Reta y’Uburundi yaciye ifata ivyo bikoresho birimwo n’imiduga y’iryo shirahamwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS