Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Reta y’Uburundi yahinduye ingene ikibazo co mu mwaka w’icenda cahora gikorwa

Inama nshikiranganji y’Uburundi yemeje integuro y’itegeko risubiramwo ingene ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bw’ukuja mu gice ca kabiri c’inyigisho zo mw’ishure shingiro gikorwa. Kuva ubu umunyeshure azoba afise uburenganzira bw’ugukora ico kibazo ca Reta azoba ari uwamenye mw’ishure, kandi atayobowe mu manota yo mu ndero (Echec en education). Reta y’Uburundi imenyesha ko uko itegeko ryari ritunganije harimwo akarenganyo.

Mu nama nshikiranganji yabaye ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2019, mu nteguro y’amategeko Reta y’Uburundi yize harimwo integuro y’itegeko risubiramwo ingene ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icenda gikorwa.

Uko itegeko nshikiranganji ryahoraho rivuga, ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icenda cari kirekuriwe abanyeshure bose bo mu myaka y’icenda, abo mu mashure ya Reta n’ay’abigenga, abamenye mw’ishure hamwe n’abayobewe.

Inyuma y’ikorwa ry’ico kibazo, abamenye baca bungururizwa mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, naho boba bari barayobewe mw’ishure, mu bibazo vy’ibice bitatu (examens trimestriels), kuko amanota yarabwa ari ay’ikibazo ca Reta gusa.

Muri iryo tegeko ryahahora, abayobewe nabo ico kibazo ca Reta bari bagabuwe mu mice ibiri. Umuce wa mbere ni uw’abayobewe ikibazo ca Reta, ariko bari bamenye mw’ishure. Abo nabo baca bungururizwa mu mashure y’imyuga.

Umuce wa kabiri ni uw’abayobowe ikibazo ca Reta, kandi no mw’ishure bari bayobewe. Abo rero nibo baca bahabwa uburenganzira bw’ukudubura, bakazosubiramwo ikibazo ca Reta, bagitoye bakaja mu gice ca kabiri c’ishure shingiro.

Reta y’Uburundi isanga ako ari akarenganyo, kuko namba uburenganzira bw’ugusubiramwo umwaka n’ukuzosubira gukora ico kibazo bwotangwa, abo bwotangurirako bobaye abari bamenye mw’ishure ariko bakananirwa ikibazo ca Reta.

Inama nshikiranganji y’Uburundi yemeje itegeko rivuga ko kuva ubu abafise uburenganzira bw’ugukora ikibazo ca Reta co mu mwaka w’icenda ari abazoba bamenye mw’ishure mu bibazo vy’ibice bitatu (Examens trimestriels), kandi batayobowe mu manota atangwa mu ndero (Echec en éducation).

Iyo nteguro y’itegeko yemejwe ivuga kandi ko abanyeshure bazoba bayobowe ikibazo ca Reta co mwaka w’icenda, naho batazoba bahawe uburenganzira bw’ugusubiramwo umwaka (kudubura), ko bazoshobora gusubiramwo ico kibazo, canke bahitemwo kuja mu mashure y’imyuga.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS