Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Reta y’Uburundi yamenye ikibazo c’abaguze ikawa ariko ntibayishore mu mahanga

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko habonetse ibitari bimenyerewe, aho hari abakorera mu gisata c’ikawa baguze ikawa, barayiriha, ariko ntibayishora mu mahanga kuko bitwaje ko ibiciro vyabanutse kw’isoko mpuzamakungu. Reta y’Uburundi ivuga ko igiye gukurikirana ico kibazo, kuko amahera y’agaciro ava mu giterwa c’ikawa akenewe.

Abakorera mu gisata c’ikawa bahuriye hamwe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya mbere Ntwarante mu ntara ya Ngozi, mu nama yabahuje n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, y’ukurabira hamwe ingene bashize mu ngiro ingingo zafatiwe mw’i Jenda kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2018.

Alain Diomede NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA amenyesha ko muri iyo nama basanze hari amashirahamwe akorera mu gisata c’ikawa atubahirije izo ngingo zafashwe.

Inyuma y’iyo nama, Alain Diomede NZEYIMANA yibutsa ko iyo nama yari yabaye mu mwaka uheze yari iyo kuraba ingorane ziri mu gisata cikawa, nk’uko vyari vyasabwe n’inama nkuru y’umutekano. Muri iyo nama, abajejwe igisata c’ikawa bari bahawe gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2018 kugira babe barishe amafaranga baheraniye abarimyi b’ikawa. Muri iyo nama yo kuri uwu wa gatanu, basanze hari abatarariha ayo mafaranga y’abarimyi gushika n’ubu. Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi ashikiriza ko mu nama yo kuri uwu wa gatanu hibonekeje kandi ibitari bizwi

“Hariho abantu baguze ikawa, bakanayiriha, mugabo baranse kuyishora mu mahanga bitwaza y’uko ibiciro kw’isoko vyagabanutse, ngo ntiboyishora. Iyo ni ingorane kuko urumva iyo kawa itagiye mu mahanga amafaranga ntashobora kugaruka kugira ngo Reta iyakoreshe. Murabizi umwe wese akuramwo inyungu yiwe, mugabo Reta irakeneye ayo ma devises.”

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abo mu gisata c’ikawa ko hoshirwaho umunsi mukuru wahariwe igisata c’ikawa, aho abakora neza bazoshimirwa, abakoze nabi bagayirwe, bibaye ngombwa bagakurwa muri ico gisata.

Imwe mu ngingo zafashwe muri iyo nama, ni amashirahamwe agera ku munani atazosubira guhabwa uruhusha rw’ugukorera mu gisata c’ikawa.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS