Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Reta y’Uburundi yize ishirwaho rw’ikigo kijejwe kurwanya iterabwoba

Reta y’Uburundi itegekanya gushiraho ikigo kijejwe kurwanya iterabwoba, integuro y’itegeko rishiraho ico kigo ikaba yizwe mu nama nshikiranganji yabaye kuri uwu wa gatatu irongowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Ibindi vyizwe muri iyo nama nshikiranganji yabereye i Bujumbura ni integuro y’itegeko rikuraho urudandazwa rwa magendu rw’ibihingurwa mw’itabi, integuro y’itegeko rishinga rikongera rigatunganya ikigo kijejwe gutunganya ibisagara n’uburaro hamwe n’integuro y’itegeko rishiraho rikongera rigatunganya ibikorwa vy’urwego rujejwe gutunganya ivy’amabarabara mu Burundi.

Iyo nama nshikiranganji yatanguye kuri uwu wa gatatu izobandanya kuri uwu wa kane, ivyashitsweko tukaba tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

 

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS