Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

RFI yagirijwe amakosa mu kiganiro cari catumiwemwo Maragarita Barankitse

Mu rwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi CNC bagiriza iradiyo mpuzamakungu y’abafaransa RFI ko ikiganiro caciye kuri iyo nsamirizi kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 2 Ruheshi 2019 hagati y’isaha zitandatu n’isaha indwi carimwo amakosa. Urwego CNC ruvuga ko umutumire wo muri ico kiganiro, ariwe Maragarita Barankitse yashikirije ibinyoma bityoza inzego z’Uburundi. Urwo rwego ruvuga ko rugiye kuraba ico amategeko avuga ku ngingo zofatitwa insamirizi y’abafaransa RFI.

Muri ico kiganiro, urwego CNC ruvuga ko umumenyeshamakuru Sophie Malibeau yari akirongoye atigeze yiyumvira gusaba Maragarita Barankitse ivyemezo vy’ivyo yariko arashikiriza. CNC ikagiriza kandi uwo yahunze igihugu c’Uburundi ko yari afise izindi ntumbero ashaka gushikako.

Nestor Bankumukunzi, umukuru wa CNC avuga ati : “Biribonekeza neza ko uwo mutumire yari afise intumbero yo gucafuza n’ukwambika ibara igihugu c’Uburundi n’inzego zikirongoye abicishije mu binyoma, ibitutsi vy’agahomerabunwa n’ukwifatira mu gahanga urwego rw’umukuru w’igihugu. Kubera ivyo, ico kigo kigiye kwihweza mw’ido n’ido, mu maguru masha kandi cisunze itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, imvo n’imvano zatumye iyo radiyo igira inyifato igayitse nk’iyo. Ikigo kijejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora, kibemereye ko kigiye kuraba ico amategeko ategekanya hanyuma gifate ingingo zibereye muzomenyeshwa hageze.”

Maragarita Barankitse yahoze arongoye “Maison Shalom” yugawe mu Burundi asanzwe ari mu buhungiro kuva mu mwaka w’2015 ari ku rutonde rw’abantu baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, bagirizwa ko bagize uruhara mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Kuri uwu w’Imana, yari umutumire mu kiganiro gica ku mboneshakure mpuzamakungu TV 5 Monde – RFI – Le Monde (Journal).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS