Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Rohero : Umunyagihugu yishwe arashwe n’umuporisi

Umunyagihugu yahora akora akazi k’ukwunguruza abantu akoresheje ikinga yishwe arashwe n’umuporisi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2019, kw’ikw’ibarabara ryitiwe Muyinga, hafi y’ahari ibiro vya zone Rohero, mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko bamwe mu banyagihugu bari muri ico kibanza uwo muntu yarasiwemwo babivuga, uwo yishwe yariko aniganira ikinga ryiwe n’umuporisi yari yarifashe, mu nyuma uwo muporisi aramurasa.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko kuri uwo munyagihugu yishwe arashwe n’umuporisi baza kugira ico bashikirije handi hato, tukaba tuza kubigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS