Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Rumonge : Abagabo batatu bagirizwa kwicisha abantu uburozi bari mu gasho k’igiporisi

Umugabo azwi kw’izina rya Vyemero wo muri zone Gatete, umusozi Mugara, intara ya Rumonge apfungiwe mu gasho k’igiporisi, bikaba bivugwa ko ashobora gucibwa urubanza rw’ikibiriraho kuri uwu wa gatanu. Uwo mugabo yagirizwa ko ari umurozi, mu giporisi mu Rumonge bakamenyesha ko yiyemerera ko yari amaze kugandagura abantu akoresheje uburozi.

Uwo mugabo apfungwanwe n’abandi bantu babiri, bakaba bagirizwa bose ko bari mu murwi w’abarozi bivugwa ko urongowe n’uwo yitwa Vyemero. Umunsi abo bagabo bafatwa, abanyagihugu barahatswe kubica babaturiye, bateshwa n’igiporisi, inzu y’uwo Vyemero ikaba yaraturiwe, nk’uko amakuru dukura mu Rumonge abimenyesha.

Inyuma y’ugufatwa akajanwa gupfungwa, amasanamu hamwe n’amafoto y’uwo mutama Vyemero yarakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi, amwerekana ariko akubitwa n’abantu bambaye impuzu z’igiporisi c’Uburundi.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, abicishije ku muhora Twitter w’ubwo bushikiranganji, yamenyesheje ko abariko bakubita uwo mutama bafashwe, ko ari abagizi ba nabi bakoreshwa n’abansi b’Uburundi.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu ntara ya Rumonge aratewe amakenga n’ibimaze iminsi vyibonekeza muri iyo ntara, aho abantu bitana abarozi, agasaba abajejwe intwaro kuza barakora amatohoza akomeye, kuko hari abashobora kwagirizana uburozi kubera ayandi matati bafitaniye nk’amatati y’amatongo canke amatati ya poritike.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS