Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Rumonge : Umuyobozi w’ishure rya Gatete apfungiwe mu gasho ka komine

Umuyobozi w’ishure ry’imyuga rya Gatete muri komine Rumonge intara ya Rumonge nyene apfungiwe mu gasho k’igiporisi kuva ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Emile Ndihokubwayo yagirizwa kunyuruza ibikoresho vy’ishure hamwe n’amafaranga vyose hamwe bifise agaciro k’amafaranga agera ku miriyoni cumi z’amarundi.

Nk’uko bishikirizwa n’umwe mu bagize komite nshingwashure y’ishure ry’imyuga rya Gatete, uwo muyobozi apfunzwe yagirizwa ko yanyuruje imashine zine zikoreshwa mu gusudira ivyuma (Poste à souder), ivyuma bine bikoreshwa mu guhingura ibindi vyuma, hamwe n’amafaranga yatanzwe n’abana kugira bazoje kwimenyereza ivy’ubuhinga mu mashirahamwe atandukanye (Frais de stage).

Komite nshingwashure y’ishure ryisumbuye rya Gatete ivuga ko ivyo vyuma hamwe n’amafaranga yazimiye, vyose bifise agaciro k’amafaranga imiriyoni cumi z’amarundi.

Emile Ndihokubwayo yari amaze amezi atatu agenwe kuba umuyobozi w’ishure ry’imyuga rya Gatete yasamvye muri Parake ya Rumonge kuri ico caha yagirizwa.

Abavyeyi barereye kuri iryo shure basaba ko ubutungane bworihisha ayo mafaranga y’abana babo yanyurujwe, n’ivyo vyuma bikagarukanwa kuri iryo shure kugira bibandanye bifasha mu nyigisho.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS