Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ruyigi : Abantu icenda baciriwe umunyororo w’umwaka umwe n’igice

Abantu icenda bahanishijwe umunyororo w’ugupfungwa umwaka umwe n’igice, umwe ahanishwa umunyororo w’imyaka itatu, babiri bambikwa izera, mu ntahe y’ikibiriraho yabaye kuri uwu wa kabiri muri Sentare nkuru y’intara ya Ruyigi.

Abo icenda baciriwe umunyororo w’umwaka umwe n’igice bagirijwe ko bagerageje guhungabanya umutekano w’igihugu, bakaba bariyemereye icaha, basaba n’ikigongwe Sentare.

Umwe muribo yagiriwe n’icaha c’ugukwiragiza ibihuha mu ntumbero y’uguhungabanya umutekano w’igihugu, ahanishwa umunyororo w’imyaka itatu.

Muri iyo ntahe y’icese y’ikibiriraho, babiri mu bari muri cumi na babiri bari bafashwe bambitswe izera.

Abo bagabo bose uko ari 12 bafashwe mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 8 Rusama 2019, ku musozi Biyorwa, intara ya Ruyigi. Bafashwe bafise amacumu n’ibihiri.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS