Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Intara ya Ruyigi yakiriye Abarundi 335 bahungutse

Abarundi 335 ku barenga igihumbi bari bitezwe nibo bahungutse kuri uwu wa kane bava mu makambi y’impunzi ari i Nduta na Mtenderi mu gihugu ca Tanzaniya.

Abo barundi bashitse mu Burundi nk’igihe c’isaha zitatu z’agatondo, bakaba binjiriye muri komine Gisuru, intara ya Ruyugi ihana urubibe na Tanzaniya.

Abo bagarutse mu gihugu c’amavukiro yabo bagizwe n’imiryango 107, y’abagabo 175 n’abagore 160, bose bakaba biyemerera ko bahungutse ku gushaka kwabo, kandi ko banezerejwe n’ukuba batahutse mu gihugu cabo.

Nk’uko abajejwe intwaro mu ntara ya Ruyigi babimenyesheje, abahungutse bagizwe n’abantu 153 bo mu ntara ya Ruyigi hamwe n’abantu 182 bo mu ntara ya Cankuzo.

Uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi mu ntara ya Ruyigi amenyesha ko bagiye gufasha abo bahungutse muvyo bakenera, hamwe n’ukubashikana mu mihana yabo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS