Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Rwanda : Umukinyi w’umurundi Gael DUHAYINDAVYI yahawe agashimwe

Duhayindavyi Gael umukinyi w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba, akina mu murwi wa Mukura FC wo mu gihugu c’Urwanda niwe yatahukanye agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza muri uwo murwi, mu kwezi kwa Nzero 2019. Ako gashimwe gatangwa na Generation Mukura Victory Sport Fan Club.

Generation Mukura Victory Sport Fan Club (Generation MVS Fan Club) ni urunani rw’abakunzi b’umurwi wa Mukura Victory Sport bagiye hamwe kuva mu mwaka w’2018.

Duhayindavyi Gael azwi mu Burundi mu mirwi ya Flamengo na Vital’O yashikirijwe ako gashimwe kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2019, akaba abaye umukinyi w’umurundi agira kabiri atahukanye ako gashimwe muri uwo murwi wa Mukura FC. Uwaheruka ni umukinyi w’inyuma, Nshimirimana David.

Gael Duhayindavyi asanzwe akina hagati mu kibuga akaba ari nawe cegera ca kizigenza w’umurwi wa Mukura FC, mu kwezi kwa Nzero 2019, yafashije umurwi wiwe gutsinda mu nkino zitandukanye.

Ako gashimwe kagizwe n’igikombe, hamwe n’ibahasha y’amafaranga atamenyekanye igitigiri.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS