Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Rwasa Agathon yabujijwe gutanguza umugambwe wiwe uheruka kwemererwa

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura ahejeje gufata ingingo y’uguhagarika ibikorwa vy’ukwugurura ingoro y’umugambwe mushasha wa Rwasa Agathon vyari bitegekanijwe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 3 Ntwarante 2019.

Nk’uko biri mw’ikete Freddy MBONIMPA yandikiye RWASA Agathon umukuru w’umugambwe CNL uheruka kwemererwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwurongoye uwo mugambwe yabwiwe ko adahawe uruhusha rw’ukwugurura ingoro y’umugambwe wiwe, ku mvo z’umutekano.

Iryo kete ryandikiwe RWASA Agathon, ryateweko umukono na Freddy MBONIMPA arongoye igisagara ca Bujumbura rivuga riti : “Twisunze ikete ryanyu ryo kuwa mbere Ntwarante 2019, aho mutumenyesha ko mwatunganije ibirori vy’ukwugurura n’ugutanguza ibikorwa vy’umugambwe wanyu kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 3 Ntwarante 2019, ndi n’icubahiro c’ukubamenyesha ko ibikorwa vyanyu bidahawe uruhusha ku mvo z’umutekano.”

Umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, hamwe na Musitanteri wa komine Mukaza basabwe gushira mu ngiro iyo ngingo ya Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

RWASA Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, akaba ari nawe mukuru w’umugambwe mushasha CNL yari yateguye kwinjira ingoro y’uwo mugambwe wiwe mushasha kuri uwu w’Imana, yongere atanguze ku mugaragaro ibikorwa vy’uwo mugambwe.

Mashariki TV iriko irabaronderera RWASA Agathon kugira agire ico ashikirije kuri iyo ngingo yafashwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

Ikete ryandikiwe RWASA Agathon

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS