Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Rwasa Agathon yatanguje ku mugaragaro umugambwe CNL

Umushingamateka Rwasa Agathon yatanguje kuri uwu w’Imana ibikorwa vy’umugambwe arongoye uheruka kwemererwa gukorera ku mugaragaro n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. N’ingoro y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu yinjiwe icese.

Abanywanyi b’umugambwe CNL baserukira abandi baje bava mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi bahuriye ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana ahari ingoro nshasha y’umugambwe wabo, iyo nayo ikaba iri mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Rohero, komine Mukaza. Nk’uko vyari vyanditswe ku butumire bahawe, bari bitavye ibirori vy’ukwinjira ingoro y’umugambwe CNL, hamwe n’ugutanguza ku mugaragaro ibikorwa vy’uwo mugambwe.

Rwasa Agathon yatanguje umugambwe avuga ko atari mushasha

Ivyo birori vyatangujwe n’ijambo ry’umushingamateka Rwasa Agathon, akaba yamenyesheje ko ibikorwa vy’umugambwe atanguje vyatanguye mu mwaka w’1980 :

“Kuri uwu munsi wa none dukoraniye hano hantu muri iyi ngoro, ngo dutanguze ku mugaragaro ibikorwa vy’uwo mugambwe kandi uyu mugambwe n’aho bamwe mwibaza ko ari mushasha si mushasha cane gose. Ni mushasha nivyo, mugabo nk’uko mubizi, uhurikiyemwo abantu batari bake, abarundi, abarundikazi, abahumuye, abakiri bato batahengeshanije guharanira iteka n’itekane ry’Uburundi n’abarundi. Ivyo ni kuva mu myaka y’1980. Nico gituma rero uyu munsi, ni umugambwe-huriro ry’abaharanira kwishira n’ukwizana kwa buri wese. Ni umugambwe wugururiye Abarundi n’abarundikazi bo mu bigero vyose, bo mu mihingo yose no mu moko yose. Ibi bikorwa dutanguye uno munsi vyega abarundi n’abarundikazi barajwe ishinga n’ukwubaka Uburundi bw’abarundi bose.”

Umushingamateka Rwasa yamenyesheje ko n’aho we n’abamuyoboka bahora bakora poritike, bayikora batisanzuye, agashimishwa ko ubu bagiye kuyikora amategeko abubahirije, nabo bayubahiriza. Umushingamateka Rwasa Agathon asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yashikirije ivyihutirwa bigiye gukurikira :

“Bivanye n’uko amategeko y’umugambwe wacu yubatse, vyihutirwa n’uko dukora ikoraniro kaminuza kugira rishireho indongozi, gutyo izo ndongozi zishobore kuba hagati y’umugambwe n’abarongoye igihugu ku nzego zitandukanye ku ntara, ku makomine, ku mazone, gutyo noneho ibikorwa bishobore gukorwa neza ata muntu yikeka uwundi, kuko murabizi birakunze gushika ngo abantu bakoze inama zitazwi n’amategeko, ibintu nka mwene ivyo. Ivyo nivyo dushaka gukingira abantu no kurinda kumbure aboba barabigize ingendo y’ukwumva ko bokwama biruka ku bandi bibaza ngo bari mu nama.”

Umugambwe CNL (Congrès National pour la Liberté) wemerewe gukorera ku mugaragaro kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2019, kw’itegeko nshikiranganji nomero 530/237. Uwo mugambwe wari wateguye ku munsi w’Imana w’indwi iheze kw’igekerezo rya 3 Ntwarante 2019 gutanguza ibikorwa vyawo, ariko umukuru w’igisagara ca Bujumbura afata ingingo y’ugusivya urwo rubanza “ku mvo z’umutekano.”

Ibikorwa vy’ugutanguza ku mugaragaro uwo mugambwe kuri uwu w’Imana vyari vyitabwe n’abaserukira imigambwe, aho twobabwira nk’uwutwara umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, uwuserukira ubumwe bwa Buraya Wolfram Vetter, Bernard Quintin aserukira igihugu c’Ububirigi, Michael aserukira igihugu c’Ubudagi, hamwe na Laurent Delahouse aserukira igihugu c’Ubufaransa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS