Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Sentare nkuru ya Rumonge yasomye urubanza rw’umugabo yagirizwa gushaka kwica umugore n’umwana biwe

Sentare nkuru y’intara ya Rumonge ihejeje gusoma urubanza rw’umugabo yagirizwa ko yashatse kwica umugore n’umwana biwe, muri zone Magara, intara ya Rumonge.

Irambona André yahoze ari Buramatari wa komine Bugarama yaciriwe umunyororo w’ugupfungwa imyaka 20, mu ntahe y’ikibiriraho yashashe kuri uwu wa kane. Nk’uko Agnes Bangiricenge umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa abishikiriza, André Irambona yaciriwe kandi ihadabu rw’amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni zine, hamwe n’ukuriha amafaranga imiriyoni zibiri azokoreshwa mu kuvuza umugore n’umwana wiwe basanzwe bariko bavurirwa mu bitaro Prince Régent mu gisagara ca Bujumbura.

André Irambona yaturije amata ashushe umugore wiwe hamwe n’umwana wiwe, kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2019, muri zone Magara, komine Bugarama intara ya Rumonge.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS