Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Sylvestre NTIBANTUNGANYA yashize ku mugaragaro igitabu yanditse

Uwahoze arongoye Uburundi, Sylvestre NTIBANTUNGANYA yashize ahabona kuri uwu wa gatanu igitabu yanditse avuga ko kigenewe urwaruka, hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi.

Umwanditsi w’ico gitabu yise “Burundi, démocratie piégée”, umukenguzamateka Sylvestre NTIBANTUNGANYA abwira urwaruka ko rukwiriye kuraba neza ivyo rutwarwamwo :

“Iki gitabo kigenewe urwaruka rw’Uburundi, iyi mwaka turimwo, abantu bafise imyaka kuva kuri 18 gushika kuri 35, canke 40 bategerezwa kuraba neza, ntibarwe mu mutego w’abashobora kuba baharanira ivyicaro vya poritike muri kino gihe, bafise ivyo bahisha, bagaca bashaka gufata urwo rwaruka, bakarutwara muri ivyo kandi urwo rwaruka ata ruhara na rutoyi rufise muri ako kahise. Urwo rwaruka nirufashe twebwe bakuru barwo kwugurura imitima yacu kugira ntitubandanye tubera intambamyi y’Uburundi bwiza, bwa Burundi bushasha NDADAYE yavuga haraheze imyaka 25.”

Uwo yahoze arongoye Uburundi avuga kandi iyandikwa ry’ico gitabu ribaye nk’intererano ahaye umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi :

“Murazi ko muri kino gihugu hashinzwe umurwi  ujejwe kurondera ukuri kugira unywanishe Abarundi, mukaba muzi ko mu bantu bashobora kuba bafise igipande muri ukwo kuri, abahoze barongoye Uburundi barimwo. Na jewe rero ndimwo. Mu kwandika rero iki gitabu, kwabaye kuri jewe nk’intererano ngira nti ndahaye uwo murwi wajejwe kurondera ukuri n’ukunywanisha Abarundi.”

Umukenguzamateka Sylvestre NTIBANTUNGANYA amenyesha kandi ko ico gitabu ciwe kirimwo inyigisho y’ingene Abarundi hamwe n’abafise amabanga bari bashinzwe muri kahise bategerezwa kwifata mu vyagiye bigora Uburundi, aho akavuga ati : “Kenshi urasanga tugenda dutanako umwikomo, umwe wese abona ko uriya mwenewabo ariwe mubi, mugabo we ntiyirabe, tukibagira mbere ko turi Abarundi.”

Igitabu “Burundi, démocratie piégée” cashizwe ku mugaragaro kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2019, akaba ari naho caciye gishirwa kw’isoko, gitangura kudandazwa. Igiciro c’ico gitabu ni amafaranga ibihumbi mirongo ine vy’amarundi (40.000 Frs Bu).

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS