Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

“Turabona ingeso y’ukugirira nabi abaporisi ikorwa nk’umugenzo”

Igiporisi c’Uburundi kiranegura ibimaze iminsi bikorwa, aho habonekeza ugutana mu mitwe abaporisi batana mu mitwe n’abanyagihugu iyo bari mu kazi kabo ka minsi yose. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ako ari agasotoro gakorerwa abajejwe umutekano.

Inyuma y’aho umwe mu bagendesha amakinga yunguruza abantu (Taxi vélo) yishwe arashwe n’umuporisi w’Uburundi, mu giporisi c’Uburundi basiguye ko uwo munyagihugu yarashwe kw’isanganya, ariko ko yariko atana mu mitwe n’abaporisi bari bafashe ikinga ryiwe. Mu giporisi c’Uburundi bemeza ko ugutana mu mitwe hagati y’abaporisi n’abanyagihugu vyabaye nk’ingeso :

“Turabona ingeso y’ugusotora abaporisi n’ukubagirira nabi biza birakorwa nk’umugenzo, aho kuri uwu wa kabiri, muri zone ya Buyenzi, igihe c’isaha zibiri z’ijoro hari abaporisi bari bagiye kubuza abanywa ibiyayura mutwe bita Fayiro hanyuma umwe muribo bamufashe agomba kurwanya abaporisi n’ukubaturiza ico yariko akoresha mu kunywa ivyo biyayuramutwe. Ejo nyene mu Kamenge, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro aho umuporisi yatemwe umupanga n’inkozi z’ikibi, muri komine Matongo, ku munsi w’Imana ku mugoroba, hari ikindi gisongerezi (Sous-Officier) cari ku kazi kaco ka minsi yose catewe n’urwaruka baramukubita.”

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ako ari agasotoro k’abantu bamwe bamwe batubahiriza amategeko n’ingingo ziba zafashwe, Petero NKURIKIYE akabahanura ko bobireka kuko ari ingendo itandukanye n’amategeko.

Bamwe mu banyagihugu bavuga ko ukwo gutana mu mitwe kenshi guterwa n’abaporisi bafata abanyagihugu canke bakabafatira ivyabo, babatse igiturire ntibagitange, bakabona gutangura kwishurana nabi kwandurukiramwo ugutana mu mitwe. Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ntahakana ko hari bamwe mu baporisi barya ibiturire, agasaba ababisabwa kwitura inzego zibijejwe.

“Ko vyoba bishika umuporisi umwe canke uwundi akaka igiturire, ivyo ntawoca abihakana kuko nta mwonga ubura isato iba idahizwe. Bisabwa ko abo bacakwa boheza bagaca barya akagohe inzego zijejwe kurwanya igiturire zigaheza zikabahana.”

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS