Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

U23 : Uburundi burakina urukino rw’ugusubiriza na Congo Brazzaville

Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 23 bari mu gihugu ca Congo Brazzaville aho bagiye gukina urukino rw’ugusubiriza ruhuza kuru uwu wa kabiri ivyo bihugu. Mu rukino rwa mbere rwaheze ari ubusa ku bundi.

Nk’uko amakuru dukura muri Congo Brazzaville abimenyesha, abakinyi bose b’Uburundi bameze neza, bakaba mbere ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere baragize imyimenyerezo ku kibuga ca Masamba kiri aho i Brazzaville.

Urwo rukino rw’ugusubiriza rutangura igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu (15h30) ku masaha ya Brazzaville, ni ukuvuga isaha icumi n’iminota mirongo itatu ku masaha y’i Bujumbura (16h30).

Mwomenya ariko Uburundi buza gukina budafise umusatirizi Amissi Mohammed w’imyaka 18 yari yavyifashemwo neza cane mu rukino rwa mbere, uwo akaba inyuma y’urwo rukino yaciye atwarwa gukina mu murwi nserukiragihugu w’abakuze(Senior) uheruka kuronka itike y’ukuzokwitaba inkino z’igikombe ca Afrika (CAN 2019).

Umumenyereza Olivier Niyungeko yasiguye ko uwo mukinyi atashoboye kujana n’abandi muri Congo Brazzaville, kuko mukumusaba umurwi wiwe wa NEC BREDA wo mu gihugu ca Hollande, Uburundi bwavuze ko bamukeneye mu murwi nserukiragihugu w’abakuze (Senior). Kubw’umumenyereza Niyungeko, Uburundi bwashimye kwubahiriza ayo masezerano.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS