Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

U23 : Uburundi bwanganije na Congo Brazzaville

Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abatarenza imyaka 23 n’umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville ruhejeje guhera ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu iyo mirwi yompi inganya ubusa ku bundi. Umurwi uzobandanya ihiganwa uzomenyekana inyuma y’urukino rw’ugusubiriza ruzobera mu gihugu ca Congo Brazzaville.

Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura, iyo mirwi uko ari ibiri isa n’iyerekanye ko yanganya ubuhinga, ariko ku ruhande rw’Uburundi hakaba habonetse umukinyi Amissi Mohammed yavyifashemwo neza ku ruhande rw’abasatirizi i bubamfu, uwo akaba asanzwe akina mu gihugu ca Hollande.

Umumenyereza w’Uburundi, Omar Ntakagero amenyesha ko yizeye intsinzi mu rukino rw’ugusubiriza, uwo mwizero akaba awushikiriza kuko avuga yabonye abakinyi ba Congo Brazzaville.

“Novuga ko twakinye neza kuko twariko dukina n’umurwi tutazi. Ubu twawumenye, twabonye n’ivyo tuzokosora mu rukino rw’ugusubiriza. Ivyo nivyo tuzokorerako, kuva urukino rugitangura gushika ruheze.”

Urukino rw’ugusubiriza ruzoba ku munsi wa kabiri w’indwi iza, kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2019. Izo nkino ziriko ziba mu ntumbero y’ukurondera imirwi nserukirabihugu izokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abatarenza imyaka 23.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS