Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Uburundi buriteguriye ikoreshwa ry’ifaranga rimwe muri Afrika y’ubuseruko

Uburundi bwaratanguye kwitegurira umugambi w’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe muri Afrika y’ubuseruko, umushikiranganji Isabelle Ndahayo akaba amenyesha ko Uburundi bwatanguye gushiraho amategeko azofasha mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.

Amasezerano yo gukoresha ifaranga rimwe muri Afrika y’ubuseruko yashizweko igikumu kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2013 n’ibihugu bitanu vyari bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, n’Uburundi burimwo. Ikiringo c’imyaka 10 carumvikanyweko kugira ibihugu vyitunganye neza mu bisabwa kugira iryo faranga rizotangure gukora mu 2024.

Ibihugu vyo mu muryango wa EAC bisabwa gusanisha n’ugutunganya neza poritike zijanye n’ubutunzi, zijanye kandi n’ingene ifaranga rivunjwa. Ifaranga rimwe ritegerezwa kwemezwa n’imiburiburi n’ibihugu bitatu bikurikije ibisabwa n’amategeko.

Ibihugu vyemeje gukoresha ifaranga rimwe navyo bitegerezwa guca bigira akarerere k’ifaranga rimwe k’Afrika y’ubuseruko kandi Inama y’Abakuru b’ibihugu akaba ariyo itegerezwa gutangaza izina ry’iryo faranga rimwe.

Iryo faranga rimwe ritegerezwa gukoreshwa mu bijanye n’ukuriha ibintu vyose bisaba gukoresha ifaranga mu bihugu bigize akarere k’ifaranga rimwe, kiretse hari itegeko ry’umuryango ribibuza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS