Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Uburundi bwafatiwe ibihano ku rukino rw’Intamba mu rugamba na Gabon rwaciye kuri RTNB

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) ryafatiwe ibihano n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (CAF : Conféderation Africaine de Football). FFB yahanishijwe kuriha amande y’amafaranga ibihumbi cumi vy’amadorare (Hafi imiriyoni 29 z’amafaranga y’amarundi), kubera urukino rw’Uburundi na Gabon rwaciye kuri RTNB. Muri FFB basaba ababijejwe kugira amatohoza ku bijanye n’ingene RTNB yerekanye urwo rukino.

Mw’ikete CAF yarungikiye FFB, Amr-Fahmy umunyamabanga mukuru wa CAF yamenyesheje ko FFB itubahirije amasezerano ya CAF mu rukino rwahuje Uburundi na Gabon kuwa 23 Ntwarante 2019, kuko insamirizi n’imboneshakure y’Uburundi RTNB yerekanye urwo rukino kandi itabifitiye uruhusha.

CAF isaba FFB kwubahiriza amasezerano no mu zindi nkino zizokurikira, kugira birinde ibindi bihano bofatirwa.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Révérien Ndikuriyo asigura ko FFB ataco itari yagize kugira ama “Cameras” yose ntihagire n’imwe iraba mu kibuga kiretse iza AZAM TV gusa. Umukenguzamateka Ndikuriyo avuga ati :

“Mu gihe twari twasavye abantu bose ko bibujijwe gufata amashusho no kwerekana urukino rwahuje BURUNDI VS GABON, nk’uko twari twabisabwe, ko CANAL+ na SUPERSPORT aribo bari bemerewe kwerekana urwo rukino, bakaba basavye AZAM TV ko yoza kurushira kuri Satellite. Duhejeje kuronka urwandiko ruvuye muri CAF, ruca amande Federation de Football du Burundi angana na 10,000$ kubera RNTB yoba yarerekanye urwo rukino itagira uruhusha ruvuye muri CAF kandi na FFB ntaruhusha yabahaye. Kubera ivyo, dusavye ababijejwe kugira amatohoza ku bijanye n’ingene RTNB yerekanye urwo rukino. Abazoba babifisemwo uruhara bose nibo bazoriha ayo mahera. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ntaco ritari ryagize kugira ama Camera yose ntihagire n’imwe iraba mu kibuga kiretse iza AZAMTV. Turasavye ko ibijanye n’umupira w’amaguru, vyobazwa abarongoye iryo shirahamwe.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS