Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Uburundi bwakiriye ihiganwa rya Afrika mu rukino rwa Judo

Uburundi bwakiriye ihiganwa rya Afrika ry’urukino rwa Judo, urukino rwa mbere rw’ukwugurura iryo higanwa rukaba ruza kuba kuri uwu wa gatandatu igihe c’isaha icenda, nk’uko bishikirizwa na Rosette IRAMBONA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’inkino.

Iryo higanwa rizomara iminsi ibiri, ni ukuvuga kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 2 Ntwarante, gushika kw’igenekerezo rya 3 Ntwarante 2019, rikaba rihuza abakina urukino rwa Judo bakiri bato (Championnat de la Coupe d’Afrique de Judo Cadet et Junior).

Ibihugu vyitavye iryo higanwa ni Uburundi, Kenya, Urwanda, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Tchad, Sénégal, hamwe na Maroc.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS