Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubuserukizi bwa Turkia bwahora Tanzaniya bugiye kwimukira mu Burundi

Ubuserukizi bw’igihugu ca Turkia mu Burundi bwahora muri Tanzaniya bugiye kwimurirwa mu gisagara ca Bujumbura, nk’uko vyamenyeshejwe kuri uwu wa kane na Serap ATTAY yarungitswe guserukira igihugu ca Turkia mu Burundi, akaba asubiririye uwahora aserukira ico gihugu, ariko yakorera muri Tanzaniya. Amakete amugena yayashikirije umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Reta y’Uburundi irashimira igihugu ca Turkia ciyumviriye gushira ubuserukizi bwaco mu Burundi. Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru c’Uburundi amenyesha ko ubwo buserukizi bwimukiwe i Bujumbura ari inyungu ku Burundi :

“Uwuserukira Turkia yavuze ko hariho abarwizatunga benshi bo muri Turkia barindiriye kuza gukorera ngaha i Bujumbura, no mu Burundi ahandi hose, bari barindiye ko ubuserukizi bw’igihugu cabo bwugururwa i Bujumbura kugira batangure gukora. Hariho n’abanyeshure b’Abarundi biga muri Turkia, uwo aserukira ico gihugu akaba yamenyesheje ko bazogerageza barabe ko bokwongereza igitigiri c’abajayo kwiga.”

Uburundi busanzwe bufise ubuserukizi mu gisagara ca Ankara, mu gihugu ca Turkia, Serap ATTAY agiye guserukira Turkia mu Burundi avuga ko ubwo buserukizi bwose bugiye gukorera hamwe mu gukomeza imigenderanire myiza hamwe n’ugufashanya.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS