Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu buremera ko hariho ubukene bw’igitoro “Mazout”

Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu baremera ko hari ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa “Mazout” mu gisagara ca Bujumbura, ariko bakamenyesha ko inzego zose zibijejwe ziriko zirakora ibishoboka vyose kugira ico kibazo gitorerwe inyishu mu minsi ya vuba.

Abakoresha imiduga inywa igitoro co mu bwoko bwa “Mazout” baridoga ko ico gitoro cabuze mu gisagara ca Bujumbura, ivyo bigatuma bakora bahomba kuko bashobora kumara umunsi wose bagitondeye, aho bakironse naho, bakagura ica magendu kw’ibido, kandi ku giciro c’umurengera.

N’abagura ibikoresho vy’ukwubaka vyunguruzwa n’imiduga inywa “Mazout” nk’amabuye n’imisenyi bavuga ko ibicoro vy’ivyo bikoresho bica biduzwa hamwe hamwe, kuko abunguruza imiduga ibitwara bavuga ko baguze igitoro ku biciro vy’umurengera.

Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu baremera ko hari ubukene bw’ico gitoro, ariko bakizeza abakirondera ko ico kibazo kizotorerwa inyishu mu minsi ya vuba. Daniel Mpitabakana ni umuyobozi ajejwe ibitiro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu :

“Rimwe rimwe birashika, ugasanga kumbure ibintu ntivyagenze neza uko tuba tuvyiteze, ugasanga ibitoro vyatevye kudushikira, kandi igitoro kiva kure cane. Ubu nta bitoro bikwiye tubona muma stations cane cane Mazout. Ico twovuga n’uko ico kibazo tukizi kandi inzego zose zibijejwe ziriko zirakora ibishoboka vyose kugira ico kibazo gitorerwe umuti mu minsi mike.”

Daniel Mpitabakana amenyesha ko atawovuga umunsi nyezina ico kibazo kizoba catorewe inyishu, ariko akavuga ko inguvu zose ziriko zirashirwamwo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS