Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwatanguje ibikorwa vy’amezi abiri vy’ugukingira ikiyaga Tanganyika

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi atumirira abanyagihugu kuza baritaba ibikorwa vy’ugusukura ikiyaga Tanganyika, mu mugambi w’ugukingira ico kiyaga watangujwe kuri uwu wa kane, ico gikorwa kikazokwama gikorwa iminsi yose ya kane, mu kiringo c’amezi abiri.

Umushikiranganji Déo Guide RUREMA arongoye ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yatanguje uwo mugambi ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika yamenyesheje ko uwo mugambi uzofasha gusukura ikiyaga Tanganyika, hamwe n’ukurwiza umwimbu w’amafi. Kuri uwu wa kane, abitavye ivyo bikorwa baranduye icatsi c’irebe (Jacinthe d’eau) kiri mu kiyaga Tanganyika.

Umushikiranganji Déo Guide RUREMA : “Icatsi c’irebe murazi y’uko ari icatsi kibi gishobora kugabanya uburinganire bw’ikiyaga, n’amafi twari twiteze umwimbu ukagabanuka, aha rero nagomba ndabatumirire ko mwoza mukifadikanya natwe, aya mezi abiri tuyahariye gusukura n’ukwitaho ikiyaga Tanganyika. Turabatumiriye ko buri wa kane mwokwama mwashize ku muzirikanyi ko mwoza kudufasha kugira turwize uwu mwimbu w’amafi twongere dukingire iki kiyaga Tanganyika ku neza yacu no ku neza y’urwaruka. Nivyo tugiye gushira imbere ngaha mu gisagara.”

Mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bavuga ko bagiye kwicarana n’abarovyi kugira inkengera z’ikiyaga Tanganyika zisukurwe habe ahantu h’akarorero, nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji Déo Guide Rurema.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS