Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwavuye mu gacerere ku bibazo biri mw’ishengero Adventitse

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko umurongozi w’ishengero rya Adventiste b’umunsi w’indwi azwi n’amategeko ari uwitwa Pasteur Joseph Ndikuriyo. Ku matati ari muri iryo shengero mu bijanye n’uburongozi, umushikiranganji Pascal Barandagiye asaba impande zompi kuja hamwe zumvikane ku murongozi zihurizako. Ubwo bushikiranganji bwategetse kandi ihagarikwa ry’ishingwa ry’amashengero mashasha n’imisigiti mu gisagara ca Bujumbura.

Pascal Barandagiye umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ariko ko adashatse kuvuga ko ashigikiye Pasteur Joseph Ndikubwayo, ahubwo ko ahagarariye amategeko :

“Ishengero Adventiste ryaragize ibibazo baracanamwo. Iki kibazo catanguye umurongozi wa Adventiste haza urwandiko ruvuga ko rumukuye, urwandiko ruvuye hanze. Nawe aravuga ati jewe mfise mandat y’iwanje ntirahera, kandi muvyo mbona vyanditse simbona ikosa nakoreye ishengero n’abanyeshengero. Aritwara, turasoma, vyose turashira ku munzane dusanga ku bitwerekeye ivyo yavuze nivyo. Hari abipfuza ko Pasteur Joseph yobandanya, hari n’abatipfuza ko yobandanya. Twebwe tukavuga duti, namba ishengero rishaka kwiyunga, ejo mukaja hamwe mukavuga muti dutore umurongozi duhurizako, nta ngorane. Twebwe ntituri ngaha ngo dushigikire Pasteur Joseph, turi ngaha ngo duhagararire amategeko n’umutekano. Nta rugo rutagira uwururamutswa. Uno munsi gushika haboneke uwundi murongozi, ni Pasteur Joseph.”

Umushikiranganji Pascal Barandagiye abishikirije inyuma y’aho abapasitori bagera kw’ijana na batandatu barongoye amashengero y’aba Adventistes mu Burundi bwose bituye umuhuza w’abarundi kuri uwu wa mbere, bamusaba ko yobafasha gutora inyishu z’amatati ajanye n’uburongozi bw’ayo mashengero mu gihugu c’Uburundi.

Abo bapasitori bagiriza uwitwa Joseph Ndikuriyo ko yanse gutanga imihoho mu burongozi bw’amashengero ya Adventiste ku rwego rw’igihugu.

Abo bituye umuhuza w’Abarundi bavuga ko uwo Joseph Ndikuriyo yanse gutanga imihoho mu gihe urwego rw’ayo mashengero rubijejwe rwamukuye muri ayo mabanga, bamwagiriza amakosa atandukanye, akaba mbere yaratswe n’urwo rwego, ukuba Pasitori.

Iyo ngingo y’ukumukura mu burongozi yafashwe kuva mu kwezi kwa Munyonyo 2018, ariko abo bituye umuhuza w’abarundi bakavuga ko gushika ubu uwo yabogojwe ataratanga imihoho.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS