Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubushikiranganji bw’umutekano buvuga ko ibiharuro vy’abigeme bafatwa ku nguvu biteye ubwoba

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko bugiye gushira inguvu nyinshi mu kurwanya ivyaha vy’ugufata abigeme n’abakenyezi ku nguvu. Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni avuga ko muri iki gice ca gatatu c’umwaka w’2018-2019, ico caha cagarutse ku ncuro 310, ni ukuvuga nk’incuro imwe n’igice ku munsi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni yameyesheje ko ivyo biharuro vy’abafashwe ku nguvu muri ico gice ca gatatu c’umwaka w’2018-2019 biteye ubwoba.

“Turabona y’uko muri iki gihe turiko turasuzuma ico caha cagarutse ku ncuro 310, bisigura y’uko turavye ni nk’incuro imwe n’igice ku munsi, aho twumva ko ari ibintu biteye ubwoba, hamwe mu Burundi ku munsi ku munsi hoba hariho n’imiburiburi umuntu umwe canke babiri bafashwe ku nguvu ku munsi ku munsi murumva y’uko hoza kugera umwaka ibintu bimeze nabi. Ni nayo mpamvu hazobwirizwa gushirwamwo inguvu zihambaye.”

Ubushikiranganji bw’umutekano bushikiriza kandi ko muri ico gice ca gatatu c’umwaka, hibonekeje ingeso itari imenyerewe, y’uguheba n’uguta imiryango, aho vyibonekeje incuro 127 muri ico gice c’umwaka. Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni ameneysha ko ivyo vyerekana ko hari igikenewe gukorwa, kugira iyo ngeso ntibandanye, kuko uguta n’uguheba imiryango ari isoko ry’ihungabana ry’umutekano, n’ubutunzi bugatera busubira inyuma mu miryango no mu gihugu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS