Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubushikiranganji bw’umutekano buragabisha abaporisi barya ibiturire

Ubushikiranganji bw’umutekano ntibuhakana ko hari abaporisi barya ibiturire mu mabarabara iyo bari ku kazi, muri ubwo bushikiranganji bakagabisha uwofatwa yariye ibiturire.

Serges NTAKAVURA, umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano avuga ko atawoharira ko hari bamwe mu baporisi barya ibiturire, aho akagira ati : “Nta mwonga ubura isato iba idahizwe.”

Muri ubwo bushikiranganji bw’umutekano bamenyesha ariko ko abasanzwe barongoye igiporisi ataco badakora kugira barwanye ubwo bubisha, bakavuga ko n’ikimenyamenya abaporisi baba babikoze bahanwa bimwe biboneka.

“Kuvuga ko ubushikiranganji bw’umutekano bwoba bubizi, kwoba ari ukuvuga ko bwoba bubishigikiye, hari inzego zitandukanye zama ziriko ziragenzura abaporisi bari mu mabarabara baba bariko bakora akazi kabo.”

Serges NTAKAVURA umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano yibutsa aboba barya ibiturire ko iminsi y’igisuma ari 40, kandi ko ingingo zikomeye zarafashwe n’ubwo bushikiranganji kugira igiturire kiranduranwe n’imizi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS