Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubusuma bw’amatara n’amazi bukorerwa ku rugo rwa Niyombare Godefroid

Abantu bagirizwa ko bahora bakora ubusuma bw’amatara n’amazi ya REGIDESO, bayakuye ku rugo rw’uwahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, Général Godefroid Niyombare asanzwe aronderwa n’ubutungane bw’Uburundi kuko yashatse guhirika ubutegetsi muri 2015 bafashwe n’igiporisi c’Uburundi kuri uwu wa mbere.

Urwo rugo rwa Godefroid Niyombare ruri munsi y’isoko bita kwa Siyoni, abahora biba ayo matara n’amazi bakaba bayakoresha mu bwiherero (Toilettes) hamwe n’ubwogero (Douches) birihishwa amahera, ubunywero bwo muri iyo micungararo bwakoresha amatara ava muri urwo rugo, hamwe n’amafirigo (Frigos et congélateurs) zakoresha uwo muyagankuba wibwa, Regideso ikahahombera.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abagirizwa bose ko aribo bahora biba uwo muyagankuba n’amazi ya Regideso bafashwe, ku mvo z’amatohoza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS