Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwafashe ingingo z’isuku ku mazone ane yibonekezamwo ingwara ya Korera

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura buvuga ko ku munsi ku munsi, abantu bari munsi ya bane hamwe na batanu aribo bakirwa ku bitaro bitandukanye, bafashwe n’ingwara ya Korera mu gisagara ca Bujumbura. Mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura kuri uwu wa mbere, Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko amazone abangamiwe n’iyo ngwara ya korera ari Kanyosha, Buyenzi, Buterere hamwe na Cibitoke.

Nk’uko biri muri iryo tangazo ryateweko umukono na Freddy Mbonimpa, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwafashe zimwe mu ngingo z’isuku zizofasha kurwanya iyo ngwara, izo nazo akaba ari uguhagarika ubunywero n’uburiro bwo mu masoko, uguhagarika gutembereza imfungurwa zihiye zidandarizwa mu masorori, hamwe no guhagarika gutembereza amazi yo kunywa atekeye mu bumwanya (Sachets) mu bibanza bihuriramwo abantu benshi.

Ibiharuro bitangwa n’igisata c’amagara y’abantu bivuga ko abantu bashika ijana na mirongo ibiri na batandatu aribo bamaze gufatwa n’iyo ngwara, muri ayo mazone ane yo mu gisagara ca Bujumbura.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS