Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

UEFA Champions League : Liverpool yakoze ibitangaza ikuramwo FC Barcelona

Abakunzi ba Liverpool yo mu gihugu c’Ubwongereza baraye mu munezero udasanzwe inyuma y’aho uwo murwi uronkeye amahirwe y’ukuzokina igice ca nyuma c’ihiganwa rya UEFA Champions League. Liverpool yatsinze FC Barcelona yo mu gihugu ca Espagne ibitsindo bine ku busa, mu rukino rw’ugusubiriza.

Umurwi wa Liverpool muri urwo rukino wahabwa amahirwe make, kuko werekeje muri Espagne udafise bamwe mu bakinyi bawo bakomeye nka Mohammed Salah n’abandi.

Ku munota w’indwi, niho umukinyi Divock Origi akomoka mu gihugu ca Kenya yinjiza igitsindo ca mbere ca Liverpool, igice ca mbere gihera ari ico gitsindo kimwe ku busa bwa FC Barcelona.

Mu gice ca kabiri, umumenyereza wa Liverpool, Jurgen Klopp, yakuye mu kibuga Robertson yari yavunitse yinjiza Georginio Wijnaldum, uwo nawe akaba yashitse atsindira uwo murwi wiwe wa Liverpool ku minota ya 54 na 56.

Ku munota wa 79, ku kibuga cayo, Liverpool yaronse “Corner” iterwa na Trent-Alexander Arnold, umukinyi Origi yari ahagaze wenyene aca yinjiza igitsondo ca kane.

Urukino rwaheze ari ibitsindo bine ku busa bwa FC Barcelona.

Liverpool irindiriye kumenya umurwi bazohura mu gice ca nyuma, hagati ya Ajax yo mu Buhorande hamwe  na Tottenham yo mu Bwongereza, urukino ruhuza iyo mirwi rukaba ruba kuri uwu wa gatatu.

 

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS