Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Uko ibitigiri vy’abanduye ingwara ya Korera vyifashe mu Rumonge n’i Bujumbura

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bumenyesha ko mu bushakashatsi bwakoze, vyibonekeje ko ikiza ca Korera cateye mu ntara ya Rumonge hamwe n’igisagara ca Bujumbura cavuye ku mvura nyinshi y’umwuzurira igwa, hamwe n’abanyagihugu badakurikiza amabwirizwa y’isuku. Ubwo bushikiranganji burashima ariko ko abamenyekanye bose ko bafashwe n’iyo ngwara bavuwe ku rugero benshi muribo bamaze gukira basubira mu mihana yabo.

Muganga Thaddée NDIKUMANA, umushikiranganji w’amagara y’abantu yemeza ko ibitigiri vy’abarwayi bari bafashwe n’ingwara ya korera mu ntara ya Rumonge hamwe no mu gisagara ca Bujumbura vyagabanutse cane. Nk’uko bivugwa n’uwo mushikiranganji, mu Rumonge, ku bantu barenga 150 bari bafashwe n’iyo ngwara, bane gusa nibo basigaye mu bitaro.

Mu kinama naho, mu gisagara ca Bujumbura, nk’uko bibandanya bishikirizwa n’uwo mushikiranganji, kuri 30 bari bafashwe na korera, batanu nibo bakiri mu bitaro, aho akaba ari mu gihe abandi bavuwe barataha.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu ashimishwa n’uko ubwo bushikiranganji bwashoboye kurwanya ico kiza aho cibonekeje, agasaba abanyagihugu kubandanya gukurikiza amabwirizwa y’isuku.

Muganga Thaddée NDIKUMANA agira ati : « Harateye ikiza ca korera twarabimenyesheje, ariko turashima ko twakirwanije cane ku buryo nko mu Rumonge aho yari yibonekeje bivuye ku mvura nyinshi y’umwuzurira yaguye. Ku barenga 50 bafashwe, hasigaye mu bitaro abatarenga bane. Kubera nyene imvura nyinshi, twasanze nko mu Kinama hariho urugo rwarimwo abantu benshi hanyuma bakaba bari bafise akazu ka surwumwe katameze neza, bituma havamwo uwandura, hamwe n’abandi bose bagera kuri 30 baba muri urwo rugo, bose baravuwe, mu gisagara ca Bujumbura hasigaye mu bitaro Prince Régent abarwayi batarenga batanu. »

Umushikiranganji NDIKUMANA asaba abanyagihugu ko bokurikiza amabwirizwa y’isuku, mu bihe v’imvura bakirinda gufungura ivyamwa batabironze, ahantu badafise amazi bakagerageza kuyabiriza, kuko ari imwe mu nzira y’ukwandura ingwara ya Korera. Aho Muganga Thaddée asigura ati :

« Twasanze n’ikibazo c’amazi gihari, mugabo ico twomenyesha, nk’uko mu bushakashatsi twagize, twasanze vy’ukuri imigezi y’amazi yisuka mu kiyaga Tanganyika harimwo irya migera. Vyumvikana ko hariho abashobora kuja kuvoma amazi yo muri Tanganyika, ugasanga bariko barayanywa batayabirije. Ico gihe rero biroroshe kwandura. »

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS