Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Rumonge : Umugabo yahatswe kwica umugore n’abana biwe babiri

Umugabo azwi kw’izina rya André apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu ntara ya Rumonge kuva mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, akaba yafashwe ahejeje guturira umugore wiwe n’abana biwe babiri, nk’uko bivugwa n’abajejwe intwaro muri komine Bugarama.

Uwo mugabo yahoze arongoye komine Bugarama, akaba ubu yari umwigisha kw’ishure ryisumbuye rya zone Magara, intara ya Bubanza yafashwe n’igiporisi mu gatondo ko kuri uwu w’Imana. Abajejwe intwaro muri iyo komine bavuga ko uwo mugabo yashwanye n’umugore wiwe, aca amuturiza amata yari ku mbabura, yongera aturira abana iwe babiri, bose bakaba bariko bavurirwa ku bitaro vy’intara ya Rumonge.

Abanyagihugu b’aho ku Magara batwawe n’agashavu barashatse kwihanira mu gutera amabuye uwo mugabo, abaporisi akaba aribo bamukuye muri abo banyagihugu ajanwa gupfungwa.

Mu giporisi ca Rumonge bamenyesha ko kuri uwu wa mbere uwo yafashwe aza gushikirizwa ubutungane kugira aciribwe urubanza rw’ikibiriraho, ku caha c’ugushaka kwica umugore n’abana biwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS