Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umugabo yiyita umuganga abaga abantu yafatiwe mu bitaro bikuru vy’i Ngozi

Umugabo yiyita umuganga abaga abantu (Docteur-Chirurgien) apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu ntara ya Ngozi kuva kuri uwu w’Imana, akaba yafashwe ariko asuzuma abarwayi mw’ijoro.

Uwita Docteur Elie Nshimirimana, ariko akaba atari umuganga nk’uko vyemezwa na Docteur Guillaume Ntawushiriryayo arongoye ibitaro bikuru vy’i Ngozi, yafatiwe mu bitaro bikuru vy’i Ngozi kuri uwu w’Imana, ashikirizwa igiporisi. Inyuma y’amatohoza yakozwe, abajejwe umutekano bakaba basanze uwo mugabo yahora asaba n’amafaranga abarwayi, abemerera ko abashira ku rutonde rw’abarwayi bazobarwa muba mbere.

Uwo mugabo yafashwe avuka mu ntara ya Kirundo, nk’uko vyanditse kw’ikarata karangamuntu yiwe. Mu giporisi mu ntara ya Ngozi bavuga ko uwo mugabo yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi, akaba yaheruka kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS