Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umugambi w’igihugu ukeneye amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi ibihumbi mirongo ibiri

Reta y’Uburundi imenyesha ko ikeneye amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi ibihumbi mirongo ibiri azokoreshwa mu ntumbero y’ugushira mu ngiro umugambi w’igihugu w’iterambere 2018 ushira 2027.

Mu nama y’ukumenyekanisha uwo mugambi yabaye kuri uwu wa mbere, yahuje abashingamateka n’abakenguzamateka, umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yashikirije ko umugambi w’iterambere ry’igihugu wo mu mwaka w’2018 gushika mu mwaka w’2027 utegekanya kuzotwara uburyo bungana n’amafaranga y’amarundi imiriyaridi ibihumbi mirongo ibiri n’amajana atatu na mirongo itandatu na zine (20.364 milliards Fbu).

Mu gihe ayo mafaranga ari menshi, umushikiranganji w’ikigega ca Reta yizeye ko azoboneka bivuye kw’ishaka ry’abanyagihugu hamwe n’inzira zivamwo uburyo mu Burundi.

Umushikiranganji NDIHOKUBWAYO ahamagariye abashingamateka n’abakenguzamateka bari bitavye iyo nama kuja gusigurira abanyagihugu baserukira ibijanye n’uwo mugambi w’igihugu w’iterambere 2018 ushira 2027.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS