Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umugambwe CNDD FDD urashimira bamwe mu banyeporitike n’abanndi barundi bahungutse

Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi urashimishwa n’ukubona hari bamwe mu mboneza z’abanyeporitike batari bake bafashe ingingo yo kugaruka mu gihugu cabibarutse, ugahamagarira n’abandi gutahuka, kuko Uburundi ata n’umwe akwiye kubuhera inyuma.

Uwo mugambwe uvuga ko ushimira Abarundi bari bahungiye mu bihugu bibanyi, bakaba barafashe ingingo yo gutahuka mu gihugu c’amavukiro, ukanatera intege abasigaye mu buhungiro. Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD aragabisha ariko aborondera guhungabanya umutekano w’Uburundi :

“Abahunze iguhugu tubahamagariye gutaha dusangire ibikorwa vy’ukwubaka no guteza imbere igihugu. Abagizwe imbohe n’ibihugu bahungiyemwo, tubandanya dutera akamo ivyo bihugu kwigenga ubuntu bibarekure, bashobore gutahuka nkabandi benshi babandanya kugaruka mu ruhungore uko bukeye uko bwije. Umugambwe CNDD-FDD arongeye kandi gutera ivyatsi abarundi b’imburamutima, bama barota na ntaryo gusubiza mw’ihumbi Uburundi bohejwe na bakavantara bashaka gushinga ubutegetsi bwabo mu Burundi. Umugambwe CNDD-FDD usubiye gutangaza icese ko uzokwama ushengeza umuntu wese afise intumbero yo gusubiza inyuma intambwe y’amahoro, ubumwe, umutekano na demokarasi tugezeko, cane cane mu kugarukana akaranda kabi k’ukurondera ubutegetsi biciye ku gikenye.”

Evariste Ndayishimiye arongoye umugambwe CNDD FDD yabishikirije kuri uwa wa kane igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2019, aho umugambwe CNDD FDD wari uramutse uhimbaza imyaka ine yari iheze ikoraniro ridasanzwe ry’uwo mugambwe ryemeza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariwe azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina rya CNDD FDD.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS