Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umugambwe CNL washizeho inzego zawo mw’ikoraniro ryabereye i Bujumbura

Inzego nshasha z’umugambwe CNL (Congrès National pour la Libération) zamenyekanye kuva kuri uwu wa gatandatu, mw’ikoraniro ry’uwo mugambwe ryabereye mu bigo vya OPDE mu gisagara ca Bujumbura. Agathon Rwasa, umukuru wa CNL akaba ari nawe aserukira uwo mugambwe imbere y’amategeko asaba abajejwe intwaro ko atawosubira kuvuga ko atazi abaserukira umugambwe CNL.

Abo bashizweho nibo bagiye gutegura amatora y’indongozi ku rwego rw’intara, hamwe n’urwego rwa komine, nk’uko vyashikirijwe n’umushingamateka Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL asaba abajejwe intwaro ko atawosubira kuvuga ko inzego z’uwo mugambwe zitazwi, abashinzwe amabanga atandukanye nabo akaba yabakamagariye gukorana ubwitonzi hamwe n’ukwihanganirana :

“Indongozi nkuru z’umugambwe zashizweho, izo ndongozi amwe mu mabanga zijejwe hariho gushiraho izindi nzego kugira abagomba gukorana n’abajejwe intwaro ku rwego rw’igihugu, ku rwego rwa komine bashobore kuboneka hisunzwe amategeko y’umugambwe. Icohinduka ni inyifato yogirwa na bamwe n’abandi. Ntihagire uwokwitwaza ngo inzego ntizizwi, canke ngo inzego ntazihari. Ico ni ikintu gihambaye. Abari mu ntwaro bumve ko umugambwe CNL atari umugambwe w’uguteza umudugararo mu gihugu.”

Abashinzwe ayo mabanga yabasavye ubwitonzi, ukwihanganira, ukwubaha n’ukwubahiriza abandi, abahamagarira kandi gukorana ubwitonzi.

Inzego z’umugambwe CNL ku rwego rw’igihugu

Umukuru w’umugambwe CNL, akaba n’uwuserukira uwo mugambwe imbere y’amategeko ni umushingamateka Agathon Rwasa. Afise abahanuzi babiri, aribo Félix Mpozeriniga asanzwe ari umushikiranganji w’abakozi n’akazi, hamwe na Bède Nyandwi.

Umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe ni umushingamateka Bizimungu Simon, umuhanuzi wiwe akaba ari umushingamateka Hakizimana Léopold

Umunyamabanga ajejwe umutekano ni umushingamateka Bernard Ndayisenga, abahanuzi biwe Nintunze Abraham na Pascal Cishahayo.

Umunyamabanga ajejwe imigenderanire n’ugufashanya ni Nestor Girukwishaka, abahanuzi biwe umushingamateka Coyitungiye Claver na Kezimana Kathy

Umunyamabanga ajejwe ubutunzi n’ikigega ni Pélate Niyonkuru asanzwe ari umushikiranganji w’inkino muri Reta y’Uburundi, abahanuzi biwe ni umushingamateka Christophe Nduwayo n’umushingamateka Charles Rugema.

Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru ni umushingamateka Térence Manirambona, umuhanuzi wiwe Pierre Claver Kararoba

Umunyamabanga ajejwe kwigisha akarangamutima k’umugambwe ni umushingamateka Mbonigaba Noé, umuhanuzi wiwe Nawumuremyi Deogratias

Umunyamabanga ajejwe indero mu mugambwe CNL ni umushingamateka Godebelte Hatungimana, umuhanuzi wiwe Rémy Sindayigaya na Adrienne Sinzirwanumwe.

Umunyamabanga ajejwe urwaruka ni Nkunzumwami Aimable, abahanuzi biwe Zéphyrin Ndayizeye na Séverin Bagorikunda.

Umunyamabanga ajejwe iterambere ry’abakenyezi ni Ntacobakimvuna Immaculée, abahanuzi biwe umushingamateka Sophie Savyimana hamwe n’umushingamateka Rénovat Nduwumwami.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS