Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umugambwe w’umukuru w’igihugu Ntaryamira ubandanya gusaba amatohoza

Umugambwe Sahwanya Frodebu w’umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira ubona ko amashirahamwe mpuzamakungu ata ruhara yagize mu kurondera gufasha Uburundi mu matohoza y’abakoroye indege yari ireruye umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe n’umukuru w’igihugu c’Urwanda baguye i Kigali kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 1994. Frederick Nahimana umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu asaba ko Reta y’Uburundi yotunganya amatohoza yayo, kuko umukuru w’igihugu Ntaryamira yapfuye ariwe atwara Uburundi.

Frederic Nahimana arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu avuga mu bihugu vyo mu karere Uburundi buherereyemwo, hibonekeje ingeso y’ukugandagura abanyeporitike b’imboneza, n’abakuru b’ibihugu barimwo, amatohoza kuri ubwo bwicanyi ntakorwe, n’iyo akozwe ntahere. Nahimana asaba Reta gukora ayo matohoza :

“Iyo bigenze gutyo, nta n’amatohoza akomeye aba, yaba ayakozwe n’amashirahamwe mpuzamakungu abifitiye ubushobozi, canke ibihugu. Twararindiriye ko ibihugu rutura n’amashirahamwe mpuzamakungu akomeye abifitiye ububasha bogira amatohoza bakatubwira bati Uburundi bwahekuwe n’aba, twararindiriye turabura. Sipiriyano Ntaryamira yagandaguwe ari umukuru w’igihugu. Si ukuvuga ko ari umugambwe Sahwanya Frodebu wonyene ubabaye. Ni Uburundi bwose.Twararindiriye ko ibihugu rutura n’amashirahamwe mpuzamakungu akomeye abifitiye ububasha bogira amatohoza bakatubwira bati Uburundi bwahekuwe n’aba, twararindiriye turabura. Ko tubona amakungu yaduhemukiye, twosaba Reta y’Uburundi ko yovyinjiramwo, ikarondera umurwi w’abahinga b’Abarundi n’abo hanze bakagira amatohoza yabo, kugira bazomenye ba nde bagandaguye umukuru w’igihugu cacu. Niho abarundi boreka kwinubana, mu kwiyumvira ngo ni uriya yaduhekuye kumbure atarivyo. Ivyo twiyumvira bimwe bimwe ugasanga kumbure sivyo. Dukwiye kumenya ukuri.”

Uburundi bwibutse kuri uwu wa gatandatu imyaka 25 iheze umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yitavye Imana, akaba yapfiriye i Kigali mu gihugu c’Urwanda, indege yarimwo n’uwatwara Urwanda Juvenal Habyarimana ikaba yarakorowe.

Urubanza rw’ukwibuka iyo myaka 25 iheze Uburundi bubuze uwari aburongoye rwatangujwe n’inkuka y’imisa yari yitabwe n’abategetsi b’Uburundi uhereye ku mukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe, ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu, abashikiranganji, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abashinzwe amabanga akomeye mu Burundi.

Inyuma y’iyo nkuka ya misa, urubanza rwabandanirije ku ntatemwa ya Sipiriyano Ntaryamira, aho abategetsi batandukanye utanguriye ku mukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe n’umuryango wa Sipiriyano Ntaryamira, bashize ingori z’amashurwe kuri iyo ntatemwa.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS