Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umuhuza Edouard Nduwimana yasanze inzitizi nyamukuru zibiri mu kigo FONIC

Umuhuza w’Abarundi aremera ko ikigega FONIC kijejwe iterambere ry’amakomine gifise ibibazo bijanye n’ubukene bw’amafaranga hamwe n’amategeko adatomoye, ibituma ico kigega kitarangura imirimo cari kijejwe gukorera amakomine. Edouard Nduwimana avuga ko ivyo bibazo vyose agiye kubishikiriza abajejwe kubikosora.

Inyuma y’ukugendera ikigega FONIC (Fonds National d’investissement communal) kuri uwu wa gatatu, umuhuza w’Abarundi Edouard Nduwimana yamenyesheje ko imyidogo y’amakomine avuga ko ico kigo kitariko kirarangura imirimo kijejwe ariyo, kuko uno munsi FONIC ingene iriko irarangura ibikorwa vyayo, bigoye ingene yobirangura neza kubera inzitizi z’amafaranga.

“Uburyo bwose bukoreshwa ubu muma komine buca mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu no mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta, ivyo rero bigaheza bikaba intambamyi kuko uca umenga FONIC vy’ukuri nta kazi igifise,ni nk’uko yotuma iba ubuyobozi bukuru, nk’ubundi buyobozi bukuru bwose bwo mu bushikiranganji butandukanye.”.

Umuhuza Edouard Nduwimana avuga ko abo mu kigo FONIC bamubwiye n’inzitizi z’amategeko bafise, zituma ico kigo kidashika kw’ihangiro ry’ibikorwa kijejwe : “Ikigo FONIC uno munsi kugira gishobore n’ugushika muma komine kugira kivugane na Musitanteri, kirinda gusaba uruhusha ku mushikiranganji, nk’uko umenga ni ikigo kitari ic’igihugu, nk’uko umenga ni ishirahamwe ritari irya Reta.”

Umuhuza Edouard Nduwimana yemereye abo mu kigo FONIC ko ivyo bibazo vyose agiye kubishikiriza abajejwe kubikosora, kugira barabe ko ico kigo coba ubuyobozi bukuru nk’ubundi buyobozi bwo mu bushikiranganji butandukanye.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS