Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukenguzamateka Gédéon GAHUNGU aremera ivyaha yagirizwa ariko akavuga yabitewe n’ingwara

Sentare ntahinyuza yarengukishije kuri uwu wa kane Umukenguzamateka Gédeon GAHUNGU, mu rubanza rw’ikibiriraho, aho Honorable Gahungu yiyemereye ivyaha bibiri yagirizwa arivyo ugushaka kwica umugore wiwe n’umwishwa wiwe abakubise agafuni, hamwe n’ukugendesha umuduga mw’ibarabara n’umuvuduko urenze. Hon Gahungu yabwiye abacamanza ko ivyo vyaha yabikoze kubera ingwara arwaye agahahamuka.

Abashingwamanza baburanira Umukenguzamateka Gedeon Gahungu basavye abacamanza ko bosubira kurenguka kuri uwu wa gatanu bitwaje impapuro zo kwa muganga zerekana ko uwo baburanira afise ubwo burwayi yavuze.

Honorable Gedeon Gahungu yakomerekeje umugore wiwe hamwe n’umwishwa wiwe abakubise agafuni, yongera agonga abantu hamwe n’imiduga, mu gihe yariko arahunga, kw’igenekerezo rya 7 Kigarama 2019. Mu butungane bw’Uburundi bavuga ko abantu bagera kuri cumi aribo bakomeretse, yongera agonga imodoka 6 amakinga 5, Tuk Tuk 3 hamwe n’amakinga ane.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesheje ivyo bikiba ko Honorable Gedeon Gahungu yasanze umugore wiwe n’umwishwa w’uwo mukenguzamateka munzu babamwo mu Gahahe, abagiriza ko bahejeje gusambana, arikwo guca abakubita agafuni barakomereka, abo gutungwa n’ayo yameze.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS