Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukinyi mushasha mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba waragize ku muhingamo wo kuri uwu wa kane imyimenyerezo ku ncuro ya kabiri ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Abakinyi 14 kuri 28 batumweko nibo bamaze gushika i Bujumbura, akaba aribo bakoze imyimenyerezo. Muri abo, harabonetse umukinyi umwe yakoze imyimenyerezo, ariko atari kuri urwo rutonde rw’abakinyi 28 batumweko.

Uwo mukinyi mushasha ni Joel Bacanamwo, umuhungu wa Ambassadeur Anatole Bacanamwo umunyamabanga nshingwabikorwa w’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH.

Amakuru atangwa n’umuryango w’umukinyi Joel Bacanamwo avuga ko uwo mukinyi yari mu karuhuko mu Burundi, akaba ariho yamenyaniye n’umumenyereza Olivier Niyungeko yahavuye amutumako mu myimenyerezo.

Joel Bacanamwo w’imyaka 21 akina mu gihugu c’Ububirigi mu murwi wa AFC Tubize wo mu cicaro ca mbere B, aho yateye umukono w’ugukinira uwo murwi mu kiringo c’amezi atandatu, kuva kuwa 19 Munyonyo 2018. Igisigaye kumenyekana, n’uko umumenyereza Olivier Niyungeko yoba azotwara uwo mukinyi wo hagati akinisha ukubamfu, mu bakinyi 23 bazoserukira Uburundi mu gihugu ca Misiri, mu nkino z’igikombe ca Afrika (CAN 2019).

Inkino z’igikombe ca Afrika zizotangura kuva kw’igenekerezo rya 21 Ruheshi gushika kw’igenekerezo rya 19 Mukakaro 2019.

Abakinyi 14 bitavye imyimenyerezo yo kuri uwu wa kane ni :

1.RUKUNDO Onésime (Burundi)
2.NGANDO Omar (Rwanda)
3.NSABIYUMVA Fréderic (Afrika y’epfo)
4.HARERIMANA Rashid Léon (Rwanda)
5.BEMBO Leta Joel (Ubwongereza
6.Youssuf NDAYISHIMIYE Nyange (Burundi)
7.DUHAYINDAVYI Gaël (Rwanda)
8.BACANAMWO Joël (Ububirigi)
9.MOHAMED Amissi (Hollande)
10.NAHIMANA Shassir (Oman)
11.Cedric Amissi (Arabie Saoudite)
12.Adalanys Valentin Adelin (Ubufaransa)
13.NDUWARUGIRA Christophe (Portugal)
14.BERAHINO Saido (Ubwongereza)

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS