Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukinyi Papy Faty w’Intamba mu rugamba yitavye Imana

Papy Faty, umukinyi wo hagati w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba yitavye Imana kuri uwu wa kane, akaba yaguye mu kibuga, mu rukino yarimwo rwari rukiri mu gice ca mbere, mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Swaziland.

Papy Faty w’imyaka 28 yarakiniye imirwi itandukanye kuva mu gihugu c’Uburundi mu murwi wa Inter Stars, umurwi wa APR FC wo mu gihugu c’Urwanda, umurwi wa Bidvest wo mu gihugu ca Afrika y’epfo, akaba yitavye Imana yakinira umurwi wa Malanti Chiefs wo cicaro ca mbere mu gihugu ca Swaziland.

Urukino rwiwe wa nyuma yakiniye Uburunndi ni urwahaye amahirwe Intamba mu rugamba y’ugukina ku ncuro ya mbere ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Misiri mu kwezi kwa gatandatu uwu mwaka. Muri urwo rukino, Papy Faty yinjiye mu gice ca kabiri asubiriye mu kibanza Shassir Nahimana.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS