Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukinyi w’Intamba mu rugamba NDAYE Chancel yatowe muri 11 bigenjeje neza

Uburundi bwaserukiwe mu matora y’abakinyi icumi n’umwe (11) bigenjeje neza gusumba abandi mw’ihiganwa ry’Igikombe c’imigwi nserukira gihugu c’Afrika ku batarenza imyaka mirongo ibiri ryaraye. Umukinyi w’Intamba mu rugamba, NDAYE Chanel ari kuri urwo rutonde.

Umurundi umwe gusa Ndaye Chancel, umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’iburyo w’Intamba mu rugamba U-20, asanzwe kandi akinira umurwi wa Rukinzo FC yatowe mu bakinyi 11 berekanye ubuhinga kurusha abandi.

Uburundi bwari bwari bwitabiriye iryo higanwa n’aho bwaviriyemwo mu gice ca mbere, aho bwari mw’itsinda rya mbere A hamwe n’ibihugu nka Niger, Nigeria na South Afrika.

Iryo higanwa ryaraye risozerewe kuri uwu w’Imana, umugwi nserukiragihugu wa Mali U-20 niwo wagitahukanye utsinze igihugu ca Sénegal U-20 kuri “penalty” zitatu kuri zibiri (3-2), inyuma yo kunganya kimwe ku kindi (1-1) mu rukino rwose.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS