Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukinyi w’umurundi Saido Berahino yahagaritswe n’igiporisi c’Ubwongereza

Umukinyi w’umurundi Saido Berahino akinira umugwi wa Stoke City mu Bwongereza yahagaritswe kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Londres, yiketswe ko yariko agendesha imodoka yanyoye inzoga.

Uwo mukinyi w’imyaka 25 y’amavuka yahagaritswe inyuma y’aho igiporisi kironkeye inkuru zavuga ko hari ibintu bitariko bigenda neza kw’ibarabara Great Russell nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’ubucagucagu mu masaha yo mu Burundi mu gace ka West End.

Igiporisi c’Ubwongereza kivuga ko kihashitse cabonye imodoka yariko igendeshwa ku muvuduko udasanzwe.

Nk’uko amakuru dukesha BBC abivuga, iyo modoka yaciye itegekwa guhagarara ahitwa Bedford Square hanyuma umugabo w’imyaka 25 aca arahagarikwa yiketswe ko yariko agendesha imodoka yanyoye inzoga.

Igiporisi c’Ubwongereza kivuga ko umurundi Saido Berahino yabwiye abaporisi ko yari yatewe n’abasuma kw’ibarabara rya Great Russell.

Abaporisi nabo bavuga ko yababwiye y’uko akarwi k’abasore kateye imodoka yiwe kw’iryo barabara kanamwiba n’isaha yiwe.

Abajejwe umutekano ntibarahagarika umuntu n’umwe kuri ivyo Berahino avuga ko yari yibwe, ariko mu bakemeza ko amatohoza abandanya.

Umugwi Stoke City ntaco washimye gushikiriza kuri iryo hagarikwa rya Berahino, ariko vyumvikana ko ico kibazo kizokwigwa hagati mu murwi hisunzwe amategeko agenga inyifato y’umurwi usanzwe uri mw’ihiganwa.

Berahino Saido, umwe mu bakinyi bakomeye b’Intamba mu rugamba amaze gutsinda ibitsindo bitanu mu nkino 26 amaze gukinira uwo mugwi wa Stoke City, mw’ihiganwa ry’uno mwaka w’2019.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS