Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukuru w’igihugu ca Somaliya yatanguye urugendo mu Burundi

Mohamed Abdullahi Mohamed, umukuru w’igihugu ca Somaliya ari i Bujumbura kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, mu rugendo rw’akazi rw’iminsi ibiri.

Muri urwo rugendo arimwo mu Burundi,  umukuru w’igihugu ca Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed yakiriwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yari yishikiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Indege ireruye Mohamed Abdullahi Mohamed yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura nk’igihe c’isaha umunani z’umurango, yakirwa kandi n’abategetsi batandukanye ba Reta y’Uburundi, hamwe n’abaserukira inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi.

Inyuma y’ukwakirwa, abo bakuru b’ibihugu vyompi ntibatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru bari ku kibuga c’indege ca Bujumbura, amakuru twaronse akaba avuga ko ico kiganiro kizoba kuri uwu wa kabiri, inyuma y’umubonano.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesha ko hategekanijwe umubonano hagati n’uwutwara Uburundi hamwe n’umukuru w’igihugu ca Somaliya, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Urugendo umukuru w’igihugu Mohamed Abdullahi Mohamed yatanguye mu Burundi azorusozera kuri uwu wa kabiri nyene, bikaba bitegekanijwe ko indege imusubiza muri Somaliya izohaguruka igihe c’isaha zitandatu z’umurango.

Umukuru w’igihugu Mohamed Abdullahi Mohamed agendeye Uburundi mu gihe hasigaye iminsi itatu gusa kugira ingingo yafashwe n’ubumwe bwa Afrika ishirwe mu ngiro. Iyo ngingo ivuga abasirikare b’abarundi bagera ku gihumbi bazogarukanwa mu Burundi, mu basanzwe barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya. Ubumwe bwa Afrika bwasiguye ko abasirikare barungitse kugarukana amahoro muri Somaliya bagiye kuza baragabanurwa, ariko kugeza ubu iyo ngingo ikaba yafashwe ku Barundi gusa.

 

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS