Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umukuru w’igihugu ca Somaliya yitezwe i Bujumbura

Mohamed Abdullahi Mohamed, umukuru w’igihugu ca Somaliya yitezwe i Bujumbura kuri uwu wa wa mbere mu rugendo rw’akazi.

Willy NYAMITWE umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko muri urwo rugendo aza kugira mu Burundi,  umukuru w’igihugu ca Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed yakirwa kuri uwu wa kabiri n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Bitegekanijwe ko Mohamed Abdullahi Mohamed ashika i Bujumbura ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, igihe c’isaha icenda.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS